RWANDA:FDU Inkingi: Ntawangundi ni igikoresho ca leta

Published on by KANYARWANDA

FDU Inkingi: Ntawangundi ni igikoresho ca leta

 
INGABIRE VICMu Rwanda FDU Inkingi ivuga yuko Joseph Ntawangundi apfungiwe itsembabwoko ari igikoresho ca leta.

Mw'itangazo ryasohowe n'umuhari FDU Inkingi, havugwa yuko bwana Ntawangundi akoreshwa n'ubutegetsi bw'u Rwanda kugira bambike iceyi FDU.

Umukuru w'uwo muhari, Victore Ingabire, yabariye BBC ko uwo mugabo yanse ko bamuha uwumwunganira, ashima kuvugana n'abakorera leta.

Ngo kandi nta mabanga akomeye yari ajejwe mu muhari, ngo akazi kiwe kari ako guhindura indimi z'ivyanditse.

Joseph Ntawangundi yafashwe itariki 6 z'ukwa kabiri yagirizwa itsembabwoko, akaba yakatiwe gupfungwa imyaka 17 na sentare ya Gacaca.

Umuhari FDU Inkingi nturemererwa gukorera ahabona, kuko umukuru wawo, Victoire Ingabire, yatashe mu ntango z'uno mwaka aje kwitoreza kuba umukuru w'igihugu, igikurikiranwa n'igipolisi c'u Rwanda.

Published on politics

Comment on this post