Umukuru wa FDU Inkingi, Victoire Ingabire, yahohotewe n'abantu bamutwaye agasaho karimwo ibimuranga.
Umukuru wa FDU Inkingi ngo yahohotewe i Kigali | |||||||
Umukuru wa FDU Inkingi, Victoire Ingabire, yahohotewe n'abantu bamutwaye agasaho karimwo ibimuranga. Madame Vitoire yabariye BBC ko yitavye ibiro vya Executif i Kinyinya agiye gutora impapuro ziri mu bimuranga, ashitse aca aterwa n'imisore we n'uwo bari kumwe. Ngo baciye bamutwara agasaho karimwo passport, karangamuntu hamwe n'izindi mpapuro za nkenerwa. Umukuru wa FDU Inkingi yavuze yuko uwo bari kumwe wewe yakubiswe, avuga kandi ko ivyo vyamushikiye yabimenyesheje igipolisi, mu gihe yemeza ko ari ibintu vyateguwe n'umugambwe uri ku butegetsi. Ariko igipolisi c'u Rwanda coco si uko kibivuga, umuvugizi w'igipolisi, Eric Kayiranga, yabariye BBC ko Madame Ingabire yashatse guca ku bari batonze ngo bibatera agashavu. Ngo aho yari aje gutora impapuro ziwe kwa Executif, yaciye imbere y'abanyagihugu bari batonze kuva mu gitondo, bashavuzwa no kubona uwuje ubwo nyene abaciyeko. Ngo abo banyagihugu baciye bamushorera bamusubiza mu muduga wiwe umutahukana muhira. |